Amakuru
6 avril 2024

Abanyazwe ivyabo mu 1972 bazotunganirizwa vuba na CVR (P.C. Ndayicariye)

Hagiye kujaho itegeko riha ububasha umurwi w’igihugu wo kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi CVR gukora ibikorwa vyo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo vyakorwa n’umurwi CNTB. Vyamenyeshejwe na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye CVR, kuri uyu wa kane. Pierre Claver Ndayicariye arahumuriza abanyazwe ivyabo mu mwaka w’1972, na cane cane abakenyezi n’abigeme, ko iryo tegeko ni ryajaho CVR izoca ibashumbusha.