Amakuru
2 mai 2024

AC Génocide Cirimoso iriyamiriza ukudahana n’ukuburizwamwo ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Burundi

Mu gihe kuri uno wa 30 Ndamukiza hibukwa imyaka 27 iheze hagandaguwe abanyeshure b’i Buta, hamwe n’imyaka 52 iheze habaye intango y’ubwicanyi bwahitanye abo mu bwoko bw’Abatutsi mu mwaka w’1972, ico AC Génocide Cirimoso yita ihonyabwoko, amashirahamwe ya AC Génocide mu bihugu vya Canada na Suède aributsa ko abakoze ayo mabi n’ubu batarahanwa, ari abagize umugambwe CNDD-FDD uno munsi uri ku butegetsi n’umugambwe w’abakozi b’Uburundi, UBU mu mpfunyapfunyo. Mw’itangazo ayo mashirahamwe abiri yasohoye kuri uno wa kabiri, Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga wa AC Génocide muri Canada, ariyamiriza ibikorwa vy’umurwi CVR avuga ko bifise intumbero yo kuburizamwo ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Burundi mu ntumbero y’ugushaka kweza abakoze ayo mabi uno munsi bari ku butegetsi.