Amakuru
21 septembre 2024

Uburundi bwabuze inararibonye mu ndero no mu guharanira agateka ka zina muntu

Umwigisha Venant Bamboneyeho yaraye ashengeye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka w’2024, ku myaka 76. Akaba yarabaye umwigisha wa kaminuza, aba umunyamabanga mukuru wa leta. Mu nyuma yaragenywe kurongora kaminuza y’Uburundi, ahava abandanyiriza mu rugamba rwo guharanira agateka ka zina muntu aho yarongoye ishirahamwe Sonera yongera arongora ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso rirwanya ihonyabwoko. Akaba ashengeye ari mu rwego rw’Inararibonye y’icubahiro muri iryo shirahamwe. Ku bwa Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’ishirahamwe AC-Génocide igisata co muri Canada, asanzwe amuzi, ngo urupfu rwiwe ni uruhombo runini ku gihugu. Akaba amwibuka nk’umuntu w’ubwenge, w’ubwitonzi n’igishika kandi afise intumbero yo kurandurana n’imizi ibijanye n’ivangura rifatiye ku moko.