Imyaka 28 yari irangiye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Mukakaro habaye igitero c’abahoze mu murwi ugwana FDD kigahitana Abarundi bo mu bwoko bw’Abatutsi barenga 600 muri site y’abateshejwe izabo yo muri komine Bugendana y’intara ya Gitega. Mw’ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso rigwanya ibikorwa vy’ihonyabwoko, bavuga ko abakoze ubwo bwicanyi ari bo bari ku butegetsi muri kino gihe kandi n’ubu ubutungane ata co burakora kugira bahanirwe ivyo bakoze. Dr Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga wa AC-Génocide igisata ca Canada, avuga ko iyi myaka iheze kandi hakiri imvugo y’amacakubiri ikihari mu gihugu kandi idahanwa. Mw’itanganzo ryashizwe ahabona, basaba ishirahamwe ONU gushira mu ngiro ibijanye na Sentare mpanavyaha yerekeye ubwicanyi bwakozwe mu Burundi kugira ababukoze bahanwe kuko benshi bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD.
Amakuru
23 juillet 2024