Amakuru
20 mai 2022

Leta ni yo itegerezwa gushumbusha abaciriwe iza ngondagonde n’umurwi CNTB

Leta ni yo yategerezwa gushumbusha abarenganijwe n’umurwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, inyuma y’aho umukuru w’Igihugu yiyemereye ko umurwi CNTB wakoze ivyo utari urekuriwe n’amategeko mu guca imanza zari zikwiye kuja mu masentare. Uwo mushingwamanza agahanura abarenganijwe kwitwarira leta muri sentare ntahinyuzwa mu gisata gica imanza za leta.