Ibimenyetso bimwe bimwe birerekana ko igihano co gupfa gishobora kugaruka mu Burundi dufatiye gusa ko ico gihano kitigeze gihanagurwa mu gitabo mpanavyaha ca gisirikare. Binegurwa n’umushingwamanza Félix Niyonkuru, arongoye urunani CAVIB, rujejwe gufasha abakorewe amabi ahanwa n’amasentare mpuzamakungu. Uwo mushingwamanza arerekana ukuntu ubutegetsi bwemera ko haba amategeko adasa mu bitabo mpanavyaha, ivyo akaba abibonamwo ugushaka kubandanya bakwirikiza iryo tegeko kandi vyitwa ko igihugu cateye umukono vy’imfatakibanza ku masezerano yo gukuraho ico gihano. Asaba Leta y’Uburundi kutigera basubira kuzana ico gihano, nyabuna bagatera n’umukono ku masezerano mpuzamakungu afise intumbero yo gukuraho ico gihano.
Amakuru
13 octobre 2026
