Amakuru
26 mars 2024

CAVIB irerekana akamaro k’ukuri ku bakorewe amabi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu

Ku wa 24 Ntwarante ni umunsi wahariwe kuvugisha ukuri ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Mu runani CAVIB rugizwe n’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi akurikiranwa mu masentare mpuzamakungu, bamenyesha ko uwo munsi ushitse mu Burundi hakirangwa ihonyangwa ry’urutavanako ry’agateka ka zina muntu. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB, amenyesha ko uwo munsi ari akaryo keza ko kuvuga ukuri no kwubahiriza amategeko ku mabi yakozwe kugira abakorewe amabi baronke ubutungane. CAVIB irahumuriza abakorewe amabi ko bazoronka ubutungane kuko amadosiye yabo ariko arakurikiranwa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.