Amakuru
31 octobre 2023

Hariho agahaze mw’ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa leta izorangura muri uyu mwaka (Gervais Ndirakobuca)

Haracariho agahaze mw’ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa leta izorangura muri uyu mwaka. Ni ivyavuzwe na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa Mbere, mu nama n’abashingamateka yabaye kuri uyu wa 30 Gitugutu. Aho yariko arashikiriza aho ibikorwa bigeze. Ariko kandi akavuga ko afise icizere ko leta itegerezwa gushika ku co yiyemeje muri uyu mwaka w’2023-2024.