Amakuru
27 septembre 2022

Guheza ku gihe no gukora neza inyubako y’urugomero Jiji-Mulembwe biraraje ishinga abategetsi

Abategetsi b’Uburundi bararajwe ishinga n’ibikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Jiji-Mulembwe mu ntara ya Bururi ku bijanye n’igihe vyategerezwa guhererako, eka n’ingene ruriko rurubakwa nabi. Umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca yari yishikiyeyo ku munsi wa mbere, aho yaneguye ko inyubakwa zakozwe zimaze kugaragaza imigaga, akaba yaciye ategeka ko bazisubiramwo. Ikindi camuteye amakenga ni uko abariko barubaka batazoshobora kwubahiriza ikiringo aravye ivyo bamaze gukora n’ibisigaye. Akaba yabivugiye kuri mboneshakure y’igihugu.