Agriculture
7 septembre 2023

Birababaje kubona FOMI yitaho inyungu zayo kuruta iz’abanyagihugu

Leta y’Uburundi n’ihinguriro FOMI ntibacana uwaka. Vyagaragariye mu nama umushikiranganji wa Mbere yagirishije abajejwe uburimyi mu gihugu bari kumwe n’abajejwe intwaro kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga. FOMI imenyesha ko yagize ingorane z’ibikoresho ikabura n’umuyagankuba, ari co gituma itarahingura ifumbire ihagije. Izo nsiguro zifatwa nk’icitwazo n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca.