Amakuru
14 juin 2023

Amazu avunja amafaranga ategerezwa kwerekana ko yaronse ku ndwi amadolari canke euro ibihumbi 50

Inzu yose ivunja amafaranga itazoshobora kwerekana ko yaronse amafaranga angana n’ibihumbi 50 y’amanyamerika canke y’amanyaburayi mu kiringo c’indwi imwe, izoca yugarwa. Ni imwe mu ngingo zamenyeshejwe ku munsi wa mbere mu nama yagirishijwe abakorera bose mu gisata c’ukuvunja amafaranga, irongowe n’umushikiranganji wa Mbere. Moïse Nkurunziza, umuvugizi wiwe, yongeyeko ko amazu yose yahora akora igikorwa co kurungika amafaranga mu makungu ahagaritswe, kandi y’uko umuntu azoba afise amafaranga mvamakungu atiteguriye gufata urugendo mu makungu canke ngo abe ariko agana izo nzu zivunja, azokurikiranwa.