Amakuru
22 avril 2022

Amakosa y’abatwara imodoka azohanwa vy’akarorero, ni ko bitegekwa n’umushikiranganji w’Umutekano

Umuntu wese azohirahira akarenga ku mategeko yo gutwara imodoka ategerezwa guhanwa vy’akarorero. Ni itegeko umushikiranganji yahaye abapolisi bajejwe umutekano mu mabarabara. Mu bihano bitegekanijwe harimwo kwakwa uruhusha rwo kugendesha imodoka. Gervais Ndirakobuca avuga ko ata kajagari na gato kazokwihanganirwa.