Amakuru
27 janvier 2022

Abakozi bafasha mu gipolisi bazohabwa amezi 4 y’umushahara ni bakukuruka

Kuri uyu wa kabiri haremejwe amategeko agenga abapolisi hamwe n’abakozi basanzwe bafasha mu gipolisi. Bivugwa na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano, akaba yashikirije ayo mategeko mu nama nshingamateka uwo munsi. Yamenyesheje kandi ko amafranga atekererwa abakukuruke azoba angana n’umushahara w’amezi 4, ayo mafranga akazohabwa umukozi wese afasha mu gipolisi c’Uburundi mu gihe azoba akwije imyaka isabwa kugira akukuruke.