Amakuru
4 avril 2022

Abadafise akazi bagiye kuza barakoreshwa mu bikorwa vy’iterambere

Abantu birirwa bicaye batagira akazi bagiye kuza baratwarwa gukora ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu. Ibi bishikirizwa na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati. Akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze. Gervais Ndirakobuca akaba yabeshuje amakuru avuga ko abatagira ubuzi bose bazokwirukanwa mu gisagara ca Bujumbura.