Amakuru
14 septembre 2021

Ingingo zimwe zo kubuza ko habandanya urudandaza rw’abantu

Leta y’Uburundi yarafashe ingingo ko ata murundi azosubira gufata indege ija mu bihugu vy’Abarabu ayifatiye mu bihugu vya Ouganda, Kenya na Tanzaniya. Bivugwa na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano. Iyo ngingo ikaba yafashwe kugira uradandazwa rw’abantu rwahora ruba mu Burundi ruhagarare. Gervais Ndirakobuca akaba yabivugiye mu nama nshingamateka kuri uyu wa mbere aho yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka.