Amakuru
20 août 2021

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwatanguje umugambi wo guha imbibe intara

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwatanguje umugambi wo guha imbibe intara. Uwo mugambi uje gufasha guteza imbere Uburundi nk’uko bishikirizwa na Gervais Ndirakobuca, ajejwe ubwo bushikiranganji. Kuri we, ngo iryo gaburwa ry’imbibe rizofasha kandi mu gutoza amakori n’amatagisi mu Burundi. Ivyo akaba yabivugiye mu nama yahuje ba buramatari b’intara z’igihugu cose, ikaba yabereye mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 17 Myandagaro 2021.