Amakuru
18 juin 2021

Abagera 246 barahungutse kuri uyu wa gatatu

Abarundi bagera ku majana 246 barahungutse kuri uyu wa gatatu bakirwa mu kibanza gishasha cakira abahungutse kiri i Gihanga. Abo barundi bakaba bari bamaze imyaka irenga itanu mu makambi y’impunzi y’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo. Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yabakiriye, yabasavye kuja hamwe n’abandi muma koperatives kugira baterere mw’iterambere ry’igihugu.