Amakuru
17 mars 2021

Amazu yose acururizwamwo yubatswe inyuma y’isoko ya Jabe ategerezwa kwimurirwa mw’isoko hagati

Amazu yose acururizwamwo yubatswe inyuma y’isoko ya Jabe, iri muri zone ya Rohero, ategerezwa kwimurirwa mw’isoko hagati. Iryo tegeko ryatanzwe kuri uyu wa kabiri n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu rugendo yagize kuri iryo soko. Gervais Ndirakobuca akaba yahaye ikiringo c’indwi zibiri bene ayo mazu.