Mu Burundi harakenewe ayandi mashirahamwe afasha mu gutabara abanyagihugu mu gihe c’ibiza n’isibe kugira afashe ayasanzwe ahari muri iki gihe. Leta ikaba itegekanya gutanga inyigisho mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nko kwa muganga canke mu mashure kugira habonekemwo umurwi ufasha muri ivyo bihe vy’ibiza. Ivyo bishikirizwa na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi. Hari kuri uyu wa mbere mu gihe kuri uyu wa kabiri ariho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira ibiza abanyagihugu, ukaba uhimbazwa kuwa mbere Ntwarante uko umwaka utashe.
Amakuru
1 mars 2022