Amakuru
6 mai 2023

Zone ya Gatumba yasubiye gutwarwa n’amazi ya Rusizi, ni uwuhe muti ubereye w’ico kibazo ?

Abantu batatu ni bo boba baritavye Imana mw’ijoro ryo ku wa gatatu bivuye ku mazi yateye zone ya Gatumba aturutse ku mvura yaguye uruzi Rusizi rugaca rusesa. Ayo mazi akaba yibonekeza gushika n’imbere mu mazu y’abanyagihugu. Bagasaba ko bofashwa kubera muri iki gihe bafise impungenge kw’isuku mu gihe batagira amazi meza ntibagire n’utuzu twa surwumwe. Bakaba kandi bishwe n’inzara kubera benshi muri bo bataye ingo bakaja kwikinga ahatari amazi menshi.