Amakuru
25 mai 2023

Gatumba hakwiye kuba ishamba rikingiwe, si aho kuba abantu

Umuti w’ikibazo c’imyuzurira yama yisubiriza muri zone ya Gatumba mu ntara ya Bujumbura woba kwimurira ahandi abanyagihugu bahaba, maze hagasigara ari ishamba rikingiwe. Ivyo bivugwa na Mamert Sabushimike arongoye ishirahamwe « Abagenzi b’ibidukikije ». Ikigaragara ni uko leta isa n’iyananiwe gutora umuti kugira ishobora guhagarika iyo myuzurira. Ikwiye rero kurondera amatongo yo gushiramwo Abanyagatumba nk’umuti urama ku kibazo bafise. Mamert Sabushimike avuga kandi ko leta yohafatira umugambi wo kuhagira ikibanza c’iratiro kirimwo ibinyabuzima vyo mu mazi hako hahera imyaka haronderwa umuti utari buboneke.