Amakuru
31 mai 2023

Abana bo mu Gatumba bagiye kwigishwa ivy’ubuhinga bwa none

Indero y’abana bo mu Gatumba ntiyotegerejwe gusubira guhungabanywa n’imyuzurira. Ico ni icipfuzo c’urunani EPT Bafashebige. Iryo shirahamwe ryari ryaramutse rija muri iyo zone aho amashure ubu ari mu mazi. Risaba leta n’abo bafashanya gufata ingingo zibereye zo gukinga ibiza nk’ivyo. Jean Samandari, arongoye urwo runani, amenyesha ko mu minsi iri imbere abana bo mu Gatumba bagiye kuronswa inyigisho zijanye n’ubuhinga bwa none.