Amakuru
24 avril 2023

Zimwe mu ndirimbo zahagaritswe kubera zihungabanya akaranga k’Uburundi

Urwego rujejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora rwafashe ingingo yo guhagarika zimwe mu ndirimbo urwo rwego ruvuga zacafuza imico n’akaranga vy’ikirundi. Vestine Nahimana, arongoye urwego CNC, yabimenyesheje kuri uyu wa mbere mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura. Akaba yaboneyeho no gushira ahabona amwe mu makosa yagiye arakorwa na bimwe mu bimenyeshamakuru, nko kutubahana hagati y’ibimenyeshamakuru canke kutarondera impande zose zegwa n’inkuru. Akaba kandi yagabishije vy’umwihariko radio Bonesha kubona yaratangaje inkuru y’ibinyoma ko général Bunyoni yirukanywe mu gipolisi.