Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi ngo rugiye gutunganya inama mu minsi ya vuba izohuza abajejwe intwaro n’abamenyeshamakuru bakorera mu ntara zo hagati mu gihugu mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bikunda kuboneka hagati y’izo mpande uko ari zibiri. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye CNC, Espérance Ndayizeye, ku munsi wa kane mu gihe yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka w’2023 ushira uw’2024. Umukuru w’urwego CNC avuga ko bikenewe ko umwe wese amenya uruhara rwiwe ku bijanye no kuronsa amakuru abanyagihugu.
Amakuru
23 août 2024