Amakuru
18 mai 2023

Ibimenyeshamakuru bishasha vyemejwe, bije guterera iki mu gihugu ?

Urwego CNC, rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora, ruvuga ko ruriko rurarondera izindi ndirimbo zikivuga kandi zihungabanya imico n’akaranga vy’Abarundi. Ni inyuma y’aho urwo rwego nyene rwaheruka guhagarika indirimbo zigera kuri 32 zagirizwa ko zicafuza igihugu. Vyashikirijwe na Vestine Nahimana, arongoye urwo rwego, igihe kuri uyu wa gatatu ari ho hasozerwa inama yama iba uko amezi atatu aheze. Yanamenyesheje ko muri iyo nama kandi bemereye ibimenyeshamakuru bigiye gukorera mu gihugu hagati bamaze kubona ko bikwije ivyangombwa.