Amakuru
19 août 2021

Urwego rujejwe agateka ka zina muntu muri ONU rukwiye gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi

Urwego rujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rukwiye gukurikiranira hafi ibibera mu gihugu c’Uburundi kuko agateka ka zina muntu gahungabanywa ku rugero rudasanzwe. Biri mu rwandiko amashirahamwe 43 yo mu Burundi na mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu yandikiye abaserukira ibihugu vyabo n’abarorerezi mu nama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu. Mu gihe rero hategekanijwe inama y’urwo rwego igira 48 mu kwezi kw’icenda n’ukw’icumi uno mwaka, ayo mashirahamwe asaba urwo rwego kudahirahira ngo rukure ijisho ku Burundi kuko abantu baguma bicwa bagatorwa ibiziga.