Amakuru
29 novembre 2023

Abantu barenga 20 baracapfunzwe kandi barahejeje umunyororo wabo nk’uko biri mu matohoza ya IDHB

Abantu barenga 20 ni bo bamaze kumenyekana ko bagipfunzwe kandi barahejeje iminyororo baciriwe canke barejejwe n’ubutungane. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe ku munsi wa kabiri n’ishirahamwe IDHB riharanira agaketa ka zina muntu mu Burundi. Muri iryo shirahamwe bavuga ko ako ari akarorero kuko abantu bagipfunzwe kandi barahejeje umunyororo wabo ari benshi cane. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, asigura ko mu matohoza bakoze, basanze hari abashikirizamanza bakoresha ububasha bwabo mu kugumiza abantu mu munyororo bisunze amategeko y’abantu bamwe bamwe mu bategetsi no mu bari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.