Amakuru
15 décembre 2023

Ishirahamwe IDHB riranegura ukudahana amabi yakozwe n’abasirikare b’Abarundi

Intwazangabo z’Uburundi zimwe zirongoye abasirikare barungitswe muri Congo zarakoze amabi y’agahomerabunwa. Kandi n’abasirikare barungitswe muri Kivu y’Ubumanuko barafashe ku nguvu abakenyezi b’Abanyecongo. Ivyo binegurwa n’ishirahamwe IDHB riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi mu cegeranyo riheruka gusohora. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, aratanga uturorero tw’ababikoze agatera ivyatsi inyifato ya leta ata co ikora ngo bakurikiranwe.