Amakuru
18 janvier 2023

Urwaruka rushizwe mu nzego zifata ingingo, ni ho amasezerano ya Afrika arugenga yoba yubahirijwe

Mu ntango z’uno mwaka w’2023, Uburundi bwaremeje amasezerano agenga urwaruka rwa Afrika. Ayo masezerano akaba yemejwe n’ibihugu vya Afrika mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihanze urwaruka, nko kubura akazi, gukumirwa mu nzego zifata ingingo, n’ibindi.
Mu gushira igikumu kuri ayo masezerano, Uburundi bwoba bwiyemeje iki ?
Twokwizera ko hari akamaro bizogirira urwaruka rw’Uburundi rusanzwe ruhanzwe n’ingorane zitari nke ?