Amakuru
13 août 2021

Urwaruka rukwiye kwitabira ibikorwa vy’iterambere mu kurangura imigambi yunguka

Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama ahamagarira urwaruka kwitabira ibikorwa vy’iterambere mu kurangura imigambi yunguka. Ezéchiel Nibigira akaba abibasaba mu gihe Uburundi bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka igenekerezo rya 12 Myandagaro uko umwaka utashe. Mu Burundi uwo munsi wahimbarijwe mu ntara ya Gitega.