Amakuru
24 février 2023

Igihugu ca Somaliya kiri mu nzira yo kwinjira mu muryango w’ibihugu vya EAC

Ikibazo c’iyinjira ry’igihugu ca Somaliya mu muryango w’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko cari mu vyizwe n’inama y’abashikiranganji bagize uwo muryango bajejwe iyinjira ry’ibihugu muri EAC. Hari mu nama igira iya 43 y’abo bashikiranganji. Ariko abakuru b’ibihugu ni bo bazoheza bakemeza ko ico gihugu cinjira muri uwo muryango. Inama y’abashikiranganji ikaba yabaye kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika ku rya 23 Ruhuhuma. Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC, Ezéchiel Nibigira, akaba ashima ko abashikiranganji bose bitavye inyuma y’imyaka 8 iyo nama itaba.