Amakuru
12 mai 2023

Ibihugu vya Afrika bitegerezwa gukora ibikwiye kugira urwaruka rugire ikibanza rukwiye mw’iterambere

Urwaruka rufise ikibanza gikomeye mu gutsimbataza amahoro n’iterambere. Ni muri iyo ntumbero hariko haba Inama nshikiranganji i Bujumbura ihuza ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Ezéchiel Nibigira, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ivy’akarere ka Afrika y’ubuseruko, EAC, urwaruka n’inkino, avuga ko ibihugu vya Afrika bitegerezwa kuja hamwe mu gukora ibikenewe kugira haboneke urwaruka rwizewe.