Amakuru
7 juin 2022

Urupfu rwa Petero Nkurunziza ntiruzohagarika amatohoza ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Kuba Petero Nkurunziza atakiriho, ntibibuza ko amatohoza ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku mabi yaranze intwaro yiwe abandanya. Bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB), ni mu gihe mu minsi ibiri leta izokwibuka umunsi Petero Nkurunziza yitaba Imana. Gustave Niyonzima akaremesha abakorewe amabi ko bazotunganirizwa n’aho intwaro zohinduka.