Amakuru
8 septembre 2022

Urunani RCP rurashima ingingo ya Evariste Ndayishimiye yo kugena uwundi mushikiranganji wa Mbere

Urunani ruhamagarira Abarundi kuba intungane rurashima ingingo yafashwe n’umukuru w’Igihugu mu gushiraho uwundi mushikiranganji wa Mbere. Ku bwa Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urunani RCP, ngo ni akaryo keza ku mukuru w’Igihugu ko gushiraho leta ihurikiyemwo bose kandi yiyumvwamwo na bose kugira Uburundi busubire kunagura ibisata vyose bigize igihugu.