Amakuru
12 février 2024

Birakenewe ko abaforoma bakoze amakosa mu kazi kabo bayahanirwa (RCP)

Ni vyiza kubona hashirwaho ishirahamwe rigenga abaganga, ariko rero igisigaye ni ugushira mu ngiro ivyo biyemeje. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe rihamagarira Abarundi kuba intungane. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye ishirahamwe RCP, asaba ko ahubwo n’abakora amakosa bayahanirwa. Akanasaba ko hoshirwaho urwego rukurikirana umunsi ku munsi akazi k’abaforoma.