Amakuru
27 juillet 2022

Urunani CAVIB ruriyamiriza ipfungwa rinyuranye n’amategeko rya Muganga Christophe Sahabo

Urunani rw’abashingwamanza b’Abarundi baburanira abakorewe ivyaha bihanwa na sentare mpuzamakungu, bandikiye ikete kuri uyu wa kabiri umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye basaba ko muganga Christophe Sahabo arekurwa. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB, avuga ko muganga Christophe Sahabo apfunzwe hadakurikiwe amategeko kuva agifatwa kugeza ubu ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Mu matohoza ya CAVIB, babona ko ipfungwa rya Christophe Sahabo rinyegeje kugomba gusahura imitahe y’ishirahamwe Swissmed International, risanzwe ari ryo rifise umutahe munini mu bitaro Kira Hospital.