Amakuru
21 avril 2023

Urunani CAVIB ruremeza ko amajambo abiba urwanko y’abategetsi ashobora gukwega ihonyabwoko

Urunani rw’abashingwamanza b’Abarundi baburanira abakorewe amabi akurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu CAVIB rurahagaritswe umutima n’amajambo abiba urwanko ashikirizwa n’abategetsi b’Uburundi hamwe n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi, agamije gutera ubwoba abo badasangiye ivyiyumviro vya politike. CAVIB ikabona ko ayo majambo ashobora no gushikana kw’ihonyabwoko ata gikozwe. Bishikirizwa n’umushingwamanza Félix Niyonkuru, ari mu bagize urwo runani CAVIB, inyuma y’uguhanahana ivyiyumviro mu bagize urwo runani ku bijanye n’icaha c’ihonyabwoko mu karere. Iyo nama ikaba yahuriranye n’igihe c’iminsi 100 igihugu kibanyi c’Urwanda kiriko kiribukamwo ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi. Agasaba leta y’Uburundi gushiraho politike n’amategeko ahasha abantu babiba urwanko hagati y’Abarundi.