Amakuru
26 décembre 2023

Urumuri rw’amahoro ni igikoresho ca CNDD-FDD co kwiyamamaza ata co kimaze (CFOR-Arusha)

Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 19 Kigarama umwaka w’2023, Evariste Ndayishimiye, akikujwe n’umuryango wiwe, abategetsi bakuru bakuru mu gihugu n’abanyagihugu, yari yitavye ibirori vyo gusozera urumuri rw’amahoro kuri Stade Nkurunziza Peace Park Complex y’i Makamba. Ku bw’umukuru w’Igihugu, ico gikorwa carafashije mu gukangura ubwenge bw’abanyagihugu ku nyungu z’amahoro n’iterambere.

Inyuma y’imyaka 17 ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro rutangujwe mu gihugu, rwoba hari ico rumaze gushikako mw’iterambere ry’igihugu n’umunyagihugu ?