Amakuru
16 mars 2022

Urugendo rw’uwurongoye urukino rwo kwoga kw’isi, akaryo ko kuvuga ibibazo vy’ico gisata

Urukino rwo kwoga ntirumenyerewe cane mu Burundi. Umuco w’ikirundi hamwe n’ibura ry’inyubakwa, cane cane aho bogera nivyo biza kw’isonga mu bibazo bihanze ico gisata. Ivyo bivugwa na Cassien Basogomba, arongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu kwoga. Hari ku munsi wambere, mu gihe Uburundi bwiteguriye kwakira uwurongoye ishirahamwe ry’isi ryo kwoga, n’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe yo kwoga muri Afrika kuri uyu wa gatatu ku wa 16 Ntwarante. Cassien Basogomba agashima ko kazoba akaryo ko gushikiriza ivyo bibazo vyose.