Amakuru
18 novembre 2023

Abanonotsi 12 bagiye guhiganwa mu rukino rwo kwoga i Kigali (Cassien Basogomba)

Abanonotsi 12 b’urukino rwo kwoga bazokwitaba ihiganwa ry’inkino zo mu karere ka gatatu bita zone 3 zizobera mu gisagara ca Kigali mu gihugu c’Urwanda kuva kw’itariki 22 Munyonyo uno mwaka. Bivugwa na Cassien Basogomba, arongoye ishirahamwe ryo kwoga mu Burundi, hari mu kiganiro yagize n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Akamenyesha kandi ko iryo higanwa rizobera mu Burundi mu mwaka w’2024.