Amakuru
23 novembre 2022

Ishirahamwe ryo kwoga mu Burundi rirashima ikibanza ca 6 ryaronse mw’ihiganwa ryo mu karere ka 3

Leta y’Uburundi ikwiye gufata kumwe ibisata bitandukanye vy’inkino. Ako ni akamo gaterwa n’umukuru w’ishirahamwe ryo kwoga mu Burundi. Yabishikirije kuri uyu wa mbere igihe yari atahutse ari kumwe n’imiyabaga itanu yari yitavye amahiganwa mu kwoga yariko arabera muri Dar es Salaam ku magenekerezo ya 16 gushika ku ya 20 Munyonyo. Cassien Basogomba, arongoye iryo shirahamwe, akaba ashima intambwe urwo rwaruka rwateye mu kuzana imidari 20, muri yo hakabamwo itatu y’inzahabu. Ariko akongera akamenyesha ko n’aho bazanye ubwo bushimwe, iyo bakagenda ari benshi bari kuzana myinshi kurusha.