Amakuru
7 décembre 2023

Urugamba rwo kurwanya igiturire rukwiye kuva mu majambo rukaja mu bikorwa (Gabriel Rufyiri)

Uburundi ntiburiko burashira mu ngiro neza amasezerano mpuzamakungu yo kurwanya ibiturire. Biri mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, yabibwiye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatatu, mu bikorwa vy’indwi yahariwe kurwanya ibiturire. Amenyesha ko hari utwigoro twa leta mu kurwanya igiturire ariko tukiri mu majambo, agasaba ko twoshirwa mu bikorwa.