Ibitaro bihamagarirwa kwisubirako ku kungene vyakira abagiraneza baba bafashije abarwayi. N’akamo gaterwa n’ishirahamwe OLUCOME rinegura ukuntu hari ibitaro vyagize abapfungwa abantu bajanye abantu bakomerekeye mw’isanganya ryabereye i Mageyo mu ntara ya Bujumbura ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, aho hapfuye abantu 7 hagakomereka 28. Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, agasaba leta gukingira amabarabara kugira amasanganya nk’ayo ntazosubire.
Amakuru
25 juillet 2024