Amakuru
25 juillet 2024

Leta itegerezwa gukingira amabarabara kugira ituze amasanganya akomeye (OLUCOME)

Ibitaro bihamagarirwa kwisubirako ku kungene vyakira abagiraneza baba bafashije abarwayi. N’akamo gaterwa n’ishirahamwe OLUCOME rinegura ukuntu hari ibitaro vyagize abapfungwa abantu bajanye abantu bakomerekeye mw’isanganya ryabereye i Mageyo mu ntara ya Bujumbura ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, aho hapfuye abantu 7 hagakomereka 28. Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, agasaba leta gukingira amabarabara kugira amasanganya nk’ayo ntazosubire.