Amakuru
23 novembre 2021

Urugamba rwo kurwanya Corona ruraraba n’abarongoye amadini

Abarongoye amadini ngo bari bakwiye guhimiriza abakristu babo kwubahiriza amabwirizwa yo kwirinda ikiza ca Corona, bakaja no kwicandagisha. Ni akamo gaterwa n’urunani rw’Abarundi b’i Buraya (FODIB) mw’isekeza rwatanguye mu ndwi iheze. Bishikirizwa na Claudia Curinyana Anderson, icegera c’uwurongoye urunani FODIB. Arongera akavuga ko ako kamo atari ako kubabuza kuja gusenga ahubwo ko bakwiye kugaba mu rwego rwo kwikingira ico kiza.