Amakuru
25 janvier 2023

Umukuru w’Igihugu ntiyategerezwa kwengenga abasuma, ubutungane bukwiye gukora akazi kabwo

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi asa n’uwudaha agaciro icaha co kunyuruza amatungo y’igihugu, asa n’uwushaka gushira imbere ukubabariranira no gusubiza ku bushake amafaranga yibwe. Ariko rero, yategerezwa nyabuna gukarira abasuma bose, akongera agategeka ubutungane gukora akazi kabwo mu ntumbero yo gutuza iyo nyifato. Ivyo bivugwa n’umukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’Abarundi baba mu bihugu vya Buraya, FODIB. Oscar Butare avuga ko umukuru w’Igihugu afise ububasha bukwiye kugira arwanye abiba ubutunzi bw’igihugu no kwihaniza uwo wese yobisubira. Akaba abivuze inyuma y’aho ku munsi w’Imana, umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yavugiye mu ntara ya Gitega ko abivye amafaranga ya leta abugaururiye comptes zigiye kubafasha gusubiza mw’ibanga amafranga bivye.