Amakuru
8 février 2024

Ingingo yo kwugara imipaka yafatiwe i Kinshasa kandi nta co ifasha Abarundi (FODIB)

Ihuriro ry’Abarundi baba mu bihugu vya Buraya n’abo mu gihugu ca Canada baranegura ingingo ya Evariste Ndayishimiye yo kurungika abasirikare kuja kurwanya umuhari M23 kandi yabikoze biciye kubiri n’amategeko. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe ku munsi wa kabiri n’ihuriro ABC ryo muri Canada na FODIB ry’i Buraya. Oscar Butare, arongoye ihuriro FODIB, asaba umukuru w’Igihugu Ndayishimiye gukura abasirikare b’Uburundi bari muri Congo kandi n’imiryango y’abaguye ku rugamba igashumbushwa. Muri iryo tangazo, iryo huriro riranegura kandi ingingo y’iyugarwa ry’imbibe Uburundi buhana n’Urwanda. Bakabona ko iyo ngingo yategetswe n’ubutegetsi bwa Congo kandi iyo ngingo ata co iza ifasha Abarundi.