Coopération
29 décembre 2022

Urudandazwa hagati ya Congo n’Uburundi rwocungerwa kugira amasoko ntagenerwe gushora hanze gusa

Amasezerano aherutse kwemezwa n’Inama nshingamateka y’Uburundi agenga urudandazwa ku mbimbe zibiri z’Uburundi na Congo azogirira akamaro abanyagihugu bose b’ivyo bihugu. Ariko rero leta y’Uburundi itegerezwa gushiraho ingingo mperekeza zituma amasoko y’Uburundi akingwa kugira vyose ntibice bishorwa muri Congo. Uwo ni umwihwezo wa Chanel Girumugisha, umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba yabivuze mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura », mu runani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA hamwe na Télévision Renaissance.