Amakuru
30 juin 2023

Urucanco rw’indwara ya Malariya rugiye gushika mu Burundi mu minsi iza

Uburundi buriko buritegurira kwakira mu minsi iri imbere incanco z’indwara ya Malariya. Vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya Malariya. Hari ku munsi wa kane itariki 29 Ruheshi muri komine ya Mpanda. Muganga Sylvie Nzeyimana akaba yamenyesheje ko urwo rukingo ruzoterwa abana kuva ku mezi 6 gushika ku mezi 24.