Amakuru
31 août 2023

Ubuvuzi kama busigaye buhabwa ikibanza mu guteza imbere amagara y’abantu

Leta y’Uburundi iramaze gushiraho itegeko rikingira ibikorwa n’ubumenyi bw’abavuza imiti kama. Biri mw’itangazo ry’umushikiranganji w’Amagara y’abantu Muganga Sylvie Nzeyimana. Hari mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi kama uhimbazwa igenekerezo rya 31 Myandagaro. Umushikiranganji yamenyesheje ko ivyo vyakozwe mu ntumbero yo gufasha ico gisata ngo giterere mu guteza imbere amagara y’abantu.