Amakuru
21 septembre 2023

Abaganga bagenda mu mahanga ku bwinshi ni ikibazo cadutse vuba, aho abarenga 130 bagiye mu myaka 3

Mu minsi iza hagiye kumenyeshwa ikigiye gukorwa kugira ikibazo c’abaganga b’Abarundi bagenda ku bwinshi mu mahanga gihagarare. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Amagara y’Abantu. Muganga Sylvie Nzeyimana yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka ku munsi wa kabiri. Akavuga ko amatohoza yerekanye ko abaganga bashika 130 bagiye mu kiringo c’imyaka itarenga itatu. Ariko rero akavuga ko ico kibazo cibonekeje vuba.